Indirimbo ya 98 mu GUHIMBAZA KIRUNDI

Ikinnczereza cane


1.Ikinnczereza cane
Umve narakibonye,
Nahaw’ agakiza keza,
None ndanezerewe.
Ivyaha vyanje vyogejwe
N’ amaraso ya Yesu,
Kurira no kwihebura
Birarangiye rwose.
2.Ikinnezereza cane
N’uko nganzwa na Yesu,
Murokozi, Murokozi,
Nemeye kub’ uwawe.
Waneshej’ ivyaha, rwose,
Nanj’ umpa kubinesha,
Wandokorey’ umutima
Ump’ ubugingo bgawe.
3.Kuk’ ur’ umunyarukundo
Wandondeye nzimiye,
Wankuye mu vyaha vyanje,
Unyit’ uwawe rwose.
Non’ imisi yanje yose
Ni wewe nizigira,
Ivyo nkora vyose nkwiye
Kwama mbigukorera.
4.Ndakuririmbira Mwami,
Namwe ndababarira
Ivyo Yesu yankoreye,
Ko bintangaza cane.
Yancunguj’ urupfu rwiwe,
Nuzuy’ umunezero,
Umutima wanje wose
N’uw’ uwawucunguye.



Uri kuririmba: Indirimbo ya 98 mu Guhimbaza kirundi